Looking For Fany Videos

Friday, September 5, 2014

Akanenge ku bahungu - Bimwe muvyo abakobwa banka ku bahungu

Mu buzima busanzwe abantu babairi bakunda bafise ivyo bapfa akenshi, uno musi turabashikiriza uko umuhungu adakwiye kumera kugira abakobwa ntibamwanke. Abahungu bameze uku tugira tubashikirize ntibaheza ngo bagendane n’abakobwa imisi, gerageza uhindure ntube nkuko tugira tukubwire.
  1. Umukobwa aranka umuhungu aja iwabo kumurabutsa hama we yakubwira ngo azoze kukuramutsa ukanka, canke wataha yakugaburiye wahaze ntunavuge ngo urakoze.
  2. Umukobwa aranka umuhungu avuga amhera aterekana, imisi yose wama uyaga ko ufise amafaranga ufise imiduga muhira batunze mufise ibiguruka n’ibigira hasi ariko ata n’umusi n’umwe wigera umubwira ngo aze umusohokane umutware musangire n’ikinyobwa canke ikiribwa.
  3. Muri kamere z’abakobwa baranka umuntu baba barikumwe yizeye ko mugira muyage muryoherwe muvugane ibijanye n’urukundo rwanyu hama ugstangura kwandika ama Message kuri whatsapp Viber, Talk, facebook n’izindi canke wihamagaza abantu muvugana ibijanye na Business zanyu. Ukaba uriko ukora ibikorwa bitajanye n’umwanya murimwo, urikumwe n’uwo ukunda zimya telephone kuko uwo ari umwanya wiwe atari umwanya wa Business kuko ukwo n’ukumusuzugura n’ukumwereka ko ata kibanza afise.
  4. Umukobwa aranka umuhungu yemeza abantu ibintu adafitiye ivyemezo aho ni nkaho umuhungu ashobora kwemeza abantu ko azi neza icatumye umukuru w’igihugu kanaka ava ku butegetsi. Canke umuhungu akaba umuntu aharira cane mu bantu kandi uburuhukira akama yatsinzwe.
  5. Umukobwa aranka umuhungu amubonye ubwambere akaba akeneye ko baryamana aratamuramutsa ngo amubaze uko amerewe.
  6. Umukobwa ranka umuhungu adakeye mu maso atayagosha umukobwa neza ariko yama imisi yose umumenga yomira umuntu babonanye.


 Nimba ufise ingeso n'imwe muri zirya ubona ngaha uraraba uhindure nta kabuza uwobitazogenda neza.
Source: umukunzi

No comments:

Post a Comment