N’akahe
kamaro ka Like canke Comment ku Mbuga z’ingurukana bumenyi
z’abanyabuhinga n’ubumenyi, ico nico kibazo co kwibaza mu gihe habonetse
imyidogo itari mike kuri Facebook za bamwe mu Baririmvyi ko ataco bamariwe
n’abakunzi babo ba facebook.
Agashavu ni
kose ku barrimvyi batadukanye bavuga ko abagenzi babo ku mbuga zitandukaney nka
Facebook ataco babamariye, aho ni nk’umuririmvyi Mt Number One w’umurundi
ahejeje gushira kuri facebook aya maambo akurikira:<<Muntu wese utigera utanga like ku ifoto dupostinga canke
status yacu ariko ugahindukira ngo ukunda indirimbo zacu aho uba ushatse kuvuga
iki? Abarundi tuzokwama inyuma yibindi bihugu kuko ntidushaka gutanga support.
nfise abagenzi bashika nka 2000 ariko support itangwa nabatarenze 50 none abandi
bo bamaze iki? Merci kuri mwebwe mwese mudushigikiye naho abasigaye muri
ingwiza murongo.>>
Ivyo
bishitse mu gihe n’uwundi ariwe Leonard Niyomwungere we aheruka gufuta Account
ya Facebook yiwe ngo kuko abakunzi bari bari kuri iyo Facebook ataco bari
bamumariye ngo haba ukugira Like canke kugira ico uvuze kuvyo aba yanditse
ataco bagira. Ubu akaba amenyesha ko iyo afise izojako abagira ico bavuze
kurivyo ashirako. Wewe akaba uno musi yazindutse arashirako amajambo y’inkora
mutima aho yerekana akamaro bimaze kugira Like canke kugira ico uvuze kuri
Account za ba Stars uba ukunda.
Aho yandika
kuri Facebook yiwe Leonard yanditse avuga ati:<<Bagenzi nashaka ndabahe umuco kwijambo «like» « canke «
j’aime» rya Facebook .Karya kantu «Like »karakomeye kuvyerekeye aba artiste.
Like nikintu gikomeye cane kuko aba bafasha umu artiste gutera imbere
(producteur bategura ibiteramo ) muri kino gihe abaririnvyi babaye benshi
kugira bamenye ko uzwi ntibagisaba ama Cv aho wagiye uraririmba canke ama Cd
,baja cane cane kurubuga gwawe gwa facebook,youtube… bakaraba igitigiri
cabagenzi canke aba fans ufise bakaca baraba nigitigiri cabagukundira canke
abagushirirako likes murabo bagenzi .Nivyiza hamwe bosanga ufise abagenzi 10 na
like 8 gusumba aho bosanga ufise abagenzi 5000 na like 200
Kubera nipfuza gutera imbere namaze gutangura (bindi vyinshi bikure ngaha.)>>
Kubera nipfuza gutera imbere namaze gutangura (bindi vyinshi bikure ngaha.)>>
Bikaba
biboneka ko bamwe mu banyabuhinga n’ubumenyi bibatera agashavu kubona abarundi
bene wabo badashobora kubereka ko babashigikiye. Ivyo bikaba bitandukanye ba
bimwe mu biboneka mu Bindi bihugu aho abaririmvyi bashigikiwe cane.
Twobamenyesha
ko naho ico kibazo gihari mu Burundi ko hari abandi nabo biboneka ko bashobora
kuba bitaweho cane n’abakunzi babo aho ni nka Mugani desire batazira Fariouz
aho umengo yatevye gushirako ico kintu hama ngo bagire ico bakivugako. Ariko
bikaba biboneka neza ko hari abandi baririmvyi bafise ababakurikirana batari
bake ariko bataronka abagira io bavuga kuri facebook zabo. Mbega none kwoba ari
uo abakunzi b’umuziki ataco bitayeho canke? Mbega hoho gukura umntu mu bagenzi
bawe kuko ataco yavuze kuvyo wanditse yoba ariyo nyishu canke?
Source : Indundi Magazine