Looking For Fany Videos

Wednesday, August 13, 2014

agashavu ni kose ku baririmvyi ko abarundi badashigikira bene wabo



N’akahe kamaro ka Like canke Comment ku Mbuga z’ingurukana bumenyi  z’abanyabuhinga n’ubumenyi, ico nico kibazo co kwibaza mu gihe habonetse imyidogo itari mike kuri Facebook za bamwe mu Baririmvyi ko ataco bamariwe n’abakunzi babo ba facebook.
Agashavu ni kose ku barrimvyi batadukanye bavuga ko abagenzi babo ku mbuga zitandukaney nka Facebook ataco babamariye, aho ni nk’umuririmvyi Mt Number One w’umurundi ahejeje gushira kuri facebook aya maambo akurikira:<<Muntu wese utigera utanga like ku ifoto dupostinga canke status yacu ariko ugahindukira ngo ukunda indirimbo zacu aho uba ushatse kuvuga iki? Abarundi tuzokwama inyuma yibindi bihugu kuko ntidushaka gutanga support. nfise abagenzi bashika nka 2000 ariko support itangwa nabatarenze 50 none abandi bo bamaze iki? Merci kuri mwebwe mwese mudushigikiye naho abasigaye muri ingwiza murongo.>>


snip Mt_number_ome


Ivyo bishitse mu gihe n’uwundi ariwe Leonard Niyomwungere we aheruka gufuta Account ya Facebook yiwe ngo kuko abakunzi bari bari kuri iyo Facebook ataco bari bamumariye ngo haba ukugira Like canke kugira ico uvuze kuvyo aba yanditse ataco bagira. Ubu akaba amenyesha ko iyo afise izojako abagira ico bavuze kurivyo ashirako. Wewe akaba uno musi yazindutse arashirako amajambo y’inkora mutima aho yerekana akamaro bimaze kugira Like canke kugira ico uvuze kuri Account za ba Stars uba ukunda.

Aho yandika kuri Facebook yiwe Leonard yanditse avuga ati:<<Bagenzi nashaka ndabahe umuco kwijambo «like» « canke « j’aime» rya Facebook .Karya kantu «Like »karakomeye kuvyerekeye aba artiste. Like nikintu gikomeye cane kuko aba bafasha umu artiste gutera imbere (producteur bategura ibiteramo ) muri kino gihe abaririnvyi babaye benshi kugira bamenye ko uzwi ntibagisaba ama Cv aho wagiye uraririmba canke ama Cd ,baja cane cane kurubuga gwawe gwa facebook,youtube… bakaraba igitigiri cabagenzi canke aba fans ufise bakaca baraba nigitigiri cabagukundira canke abagushirirako likes murabo bagenzi .Nivyiza hamwe bosanga ufise abagenzi 10 na like 8 gusumba aho bosanga ufise abagenzi 5000 na like 200
Kubera nipfuza gutera imbere namaze gutangura (bindi vyinshi bikure ngaha.)>>
 



snip Leonard_niyomwungere

Bikaba biboneka ko bamwe mu banyabuhinga n’ubumenyi bibatera agashavu kubona abarundi bene wabo badashobora kubereka ko babashigikiye. Ivyo bikaba bitandukanye ba bimwe mu biboneka mu Bindi bihugu aho abaririmvyi bashigikiwe cane.
Twobamenyesha ko naho ico kibazo gihari mu Burundi ko hari abandi nabo biboneka ko bashobora kuba bitaweho cane n’abakunzi babo aho ni nka Mugani desire batazira Fariouz aho umengo yatevye gushirako ico kintu hama ngo bagire ico bakivugako. Ariko bikaba biboneka neza ko hari abandi baririmvyi bafise ababakurikirana batari bake ariko bataronka abagira io bavuga kuri facebook zabo. Mbega none kwoba ari uo abakunzi b’umuziki ataco bitayeho canke? Mbega hoho gukura umntu mu bagenzi bawe kuko ataco yavuze kuvyo wanditse yoba ariyo nyishu canke?