Looking For Fany Videos

Wednesday, September 3, 2014

Akanenge - akagohe ku basambanyi - Umugore agendana inzoka mu nda

Mw'ishengero ry'umukozi w'Imana Joshua habonetsemwo umuvyeyi yemeza ko aryamanye n'umugabo yaca yitaba Imana kandi ko uwo mugoabo imbere yo gupfa yabanza kugira ibibazo bidasanzwe. Ivyo bibazo ukuyemwo gupfa bikaba vyarashikiye umugabo babana mu nzu.
nigeri1
Uyu mugore niwe Loveline Christian
Amasengesho yerekana vyinshi ku bakundagusenga nkuko vyibonekejeaho umukozi w'Imana Bishop TB Joshua yariko arigisha mu rusengero rwiwe, umugore Loveline Christian yarabonetse mu basengewe birirukanwamwo amadayimoni nawe akaba yarafise mesnhi kuko amakuru dukesha ikinyamakuru ibyamamare.com avuga ko uwo mugore mu bwami bwo mu mazi yagira kabiri, uw mugore akaba yarafise umugabo w'inzoka nkuko yavyiyemereye mu kiganiro yatanze ku binyamakuru.
Bishop TB Joshua
Joshua 
Aho vyashikira uwo mugore akaba yari yaje azanye n'umufasha wiwe yahavuye abwiza ukuri kw'ivyamubayeko, akaba yamumenyesheje ko ubutunzi uwo mugabo yarafise imbere yuko babana ariwe yatumye buguruka nk'ifu y'imijira. Akaba yaciye asaba ikigongwe kuko ngo atari we wenyenvyashikiye kuko yabikoreye benshi.
Nigeria5.jpg1
aha umugore yariko asaba ikigongwe umugabo
uwo mugore aho yatanga ico gishingatahe yamenyesheje ko ijwi ryiwe hamwe n'amaso yiwe yaratuma ushaka kumukurikira hamwe n'ukuryama nawe, ngo ivyo bishitse waca utangura kugira ibibazo bitandukanye haba ukugira ibibazo ku kazi, ukureka kwiga iyo uri umunyeshure eka iyo uri umukozi w'Imana hoho ivyo waba urongoye vyose vyaca bimera nk'ibiguye mu mazi.

Mu nyuma yaho uwo mugabo Loveline yumvitiye ubwo buhamya yaciye yanka kwemera ko ari umugore we kubera yamwiciye ubuzima ngo ubu ntaba amerewe uko ari, ariko kubw'inkomezi z'Imana yahavuye amubabarira.

Ariko nkuko amakuru yabandanije abivuga amenyesha ko uwo mugore  yari inzoka ko mu nda iwe yagendana inzoka, eka akaba kandi yari yaragize ubugeni n'inzo yo mu mazi.

Ako n'akagohe ku basambanyi ba cane.

No comments:

Post a Comment